Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 n’ubūki, n’urubu, n’ intama, n’umukānyūre w’amavuta y’inka, babigemurira Dawidi n’ abo bari kumwe; kuko bari biyumviriye, bat’ Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:29
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami n’ abantu bose bari kumwe na we bashika i Ayefimu; aruhukirayo.


Umwami abaza Ziba, at’ Ibi n’ivy’ iki? Ziba aramwishura, at’ Indogoba n’izo kugira ngw abo mu rugo rwawe bazigendereko, mugenzi; imitsima n’ amatunda na vyo n’induhuro y’ imikangara, vino na yo n’iyo guhēmbūra abazogwira isari mu bugaragwa.


ndamusēsekeko akirushe, acihebuye, ndamuce ivutu; maz’ abantu bari kumwe na we bose baza guca bahunga, mpeze nice umwami wenyene.


Bishwe n’inzara n’inyota, Imitima yabo igwa isari.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Har’ uwifuza afise igihahamizi bukarinda bgira, Arik’ umugororotsi atanga ata kinubge.


Uwishwe n’inyota bamuzaniye amazi, ababa mu gihugu c’i Tema basanganije izo mpunzi ivyo kurya.


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.


mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare gutanga indāro.


Kand’ ugemurire umugabisha w’umuce barimwo, aya masoro ukw ar’ icumi y’umukānyūre w’amavuta; uheze urābe bakuru bawe uko bameze, unzanire agakuru k’imvāho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ