28 bamuzanira amariri, n’amabakule, n’inzavya z’ibibumbano; n’ingano, na sayiri, n’ifu, n’impeke zikaranze, n’ibiharage, n’inkore,
Yakobo araheza aha Esau umutsima n’ibiharage; nukw ararya aranywa, yivira hasi, arīgīra. Uko ni ko Esau yakēngereye ivyo kuba samuragwa.
Umutima urekura uzototahara, Kand’ ūvomera abandi azovomerwa na we.
Arik’ umunyabuntu imigabo yiwe n’ukugira ubuntu, kand’ ukwo kugira ubuntu azogushishikara.
Ubgibone bgo mu mutima wawe bgaraguhenze, wewe uba mu bitandara vyacitsemw’ ibihoro, ukīvyagirira hejuru iyo bigwa; wewe uvugira mu mutima wawe, uti Ni nde yonkororera hasi?
Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.
Maze Abigayili arakwakwanya, akora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni, abiremēka indogoba.