2 Samweli 17:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)
27 Nuko Dawidi ashitse i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi w’i Raba mu Bamoni, na Makiri mwene Amiyeli w’i Lo‐debari, na Baruzilayi Umunyagileyadi w’i Rogelimu,
Ariko bene Baruzilayi Umugileyadi uz’ ubagirire neza, ubashire mu barīra ku meza yawe; kuko na bo bangiriye neza igihe nari narahunze mukurwawe Abusalomu.
Abo mu baherezi n’aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,