2 Samweli 17:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)25 Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.