24 Maze Dawidi ashika i Mahanayimu; Abusalomu na we ajabuka Yorodani, ari kumwe n’ Abisirayeli bose.
Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.
Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.
Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.
Garuka, garuka, Mushulamukazi we! Garuka, garuka, ngo tukwitegereze. Mugombera iki kwitegereza Umushulamukazi, Nk’uko mwokwitegereza abiyeretsi b’i Mahanayimu?
no guhēra i Heshiboni ugashitsa i Ramati‐Misipa n’i Betonimu, no guhēra i Mahanayimu ugashitsa ku rubibe rw’i Debira;