Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:23
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ igihe Abusalomu yarikw aratanga ibimazi, atuma guhamagaza Ahitofeli w’i Gilo, umujanama wa Dawidi; ava mu gisagara c’i wabo i Gilo. Nukw inama y’ubugarariji irakomera, kukw abantu bāgenda bagwirirana kuri Abusalomu.


Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.


Kandi mur’ ico gihe, inama Ahitofeli yazana bāzemera nk’izo bagīriwe n’Imana. Uko ni ko vyamera ku nama za Ahitofeli, uhereye kuri Dawidi ugashitsa kuri Abusalomu.


Nuko Dawidi ahagurukana n’abantu bose bari kumwe na we, bajabuka Yorodani; bgakeye hadasigaye n’ umwe muri bo atājabutse Yorodani.


Maze Zimuri abonye ko batsinze igisagara, yitera mu munara wo mu rugo i bgami, yītuririramwo, arapfa,


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira utange, utagikira.


Mbega ntiyoba ubugesera bubīkirwa umugabitanyi, N’ivyago bibīkirwa inkozi z’ ibibi?


Iyo abe ari yo ngero Uhoraho agerera abarwanizi banje, N’iy’ abavuga nabi ubugingo bganje.


Mana, batsindishe, Iyabo migabo n’ibatemvye, Ubahinde kubg’ ubginshi bg’ ibicumuro vyabo, Kuko bakugararije.


Ariko wewe Mana, ba bandi uzobamanukana muri rwa rwobo rw’amahonero; Abicanyi n’ingunge ntibazocagatiza imisi y’ubugingo bgabo; Ariko jeho nzokwama nkwizigira.


Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, Kand’ umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.


Ubupfu bg’umuntu bugoramika inzira yiwe, Kand’ umutima wiwe ugirira Uhoraho umwikomo.


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira upfe, utagikira.


Aterera izo ntete z’ifeza ahēra h’urusengero, aragenda, arīmanika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ