Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Nuko Dawidi ahagurukana n’abantu bose bari kumwe na we, bajabuka Yorodani; bgakeye hadasigaye n’ umwe muri bo atājabutse Yorodani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:22
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bamaze kugenda, ba bandi barūrira basokoroka mur’ ico cobo, baragenda babibarira umwami Dawidi; baramubarira, bati Ni muhaguruke mujabuke n’ingoga, kuko Ahitofeli yabagīriye inama izi n’izi.


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Maze Dawidi ashika i Mahanayimu; Abusalomu na we ajabuka Yorodani, ari kumwe n’ Abisirayeli bose.


Mana yanje, umutima wanje uricurikiriye: Ni co gituma nkwibuka ndi mu gihugu ca Yorodani, No ku misozi ya Herumoni, no ku musozi Mizari.


Umunyamakenga iy’ abonye ikibi kije, arikinga, Arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.


baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe twaharūye ingabo tugaba, dusanga ntihabuzemwo n’umwe, uko tungana.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Ukwo kwar’ ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo Mu bo wampaye nta n’umwe najimije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ