19 Maz’ umugore ahitana ikinyambuga, agisasa hejuru ku munwa w’ico cobo, agisanzakw impeke, ntihagira ūbica n’ikanda.
Abākirizi bishura Farawo, bati N’ ukw abagore b’Abaheburayo batamera nk’ab’ Abanyegiputa, kuko banyarutsa, bakavyara umwākirizi atarabashikīra.
Nuko Mose ava imbere ya Farawo, asokoroka mu gisagara, yayira amaboko Uhoraho, ya mituragaro n’urubura birashira, imvura ntiyongera kugwa kw isi.