Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi Yonatani na Ahimasi bāri babaye barīkinga i Eni‐rogeli, umuguranokazi akāma aja kubacira agace, na bo bakaja kubibgira umwami Dawidi; kuko batātinyuka gushika ku murwa icese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:17
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami arongera abarira Sadoki umuherezi, at’ Urumva, ni musubire ku murwa amahoro, mwe n’abahungu banyu bompi, Ahimasi umuhungu wawe na Yonatani mwene Abiyatari.


Kandi ntuzi yuk’ uzoba uri kumwe na Sadoki na Abiyatari abaherezi? Nuko ni wagira ikintu cose wumva i bgami, uz’ uze ukibarire abo baherezi Sadoki na Abiyatari.


Kandi bafiseyo n’ abahungu babo bompi, Ahimasi wa Sadoki na Yonatani wa Abiyatari; abo ni bo muzoja murantumako, ngo mummenyeshe ivyo muzokwumva vyose.


Akibivuga, haza Yonatani mwene Abiyatari umuherezi; Adoniya aramubarira, ati Shika, kuk’ ur’ umuntu ameze neza, ntiwobura kuzana inkuru nziza.


Bukeye Adoniya abāgira intama n’inka n’amashūri y’ibitegetera ku gitandara c’i Zoheleti hahereranye n’i Eni‐rogeli; atumira abana b’umwami bose, ari bo barumuna biwe, n’Abayuda bose bagendanira umwami.


rugakomeza rukadūga i Debira ruvuye mu Kiyaya Akori, rugakomeza rurtyo ruja i burārūko rwerekeye i Gilugali, aharābana n’ inzira idūga Adumimu, umusozi wo hakurya, ahahera i bumanuko; rugakomeza rugaca ku mazi y’i Eni‐shemeshi, rukagarukira ahitwa Eni‐rogeli;


Urwo rubibe rugaheza rukamanuka ku mucāmo w’umusozi uhanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ni ho umwonga wa Refayimu wahēra, ku ruhande rw’i burārūko; rugaheza rukamanukana uwo mwonga nyene wa Hinomu, ahahera i bumanuko bg’ umucāmo w’umusozi w’Abayebusi, rukamanuka rukarinda rushika ahitwa Eni‐rogeli;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ