Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 None rero ni mutume kuri Dawidi vuba, mut’ Iri joro nturāre ku majabukiro afata mu bugaragwa, ariko ntihagire ikikubuza kujabuka; muti Kugira ngo ntibakumirane n’abantu bose muri kumwe, mugenzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:16
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi abarira abantu biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu, ati Ni muve hasi duhunge; kuko tudahunze ata n’umwe muri twebge yomukira; ni mwihute tugende, ntace aduhamvya akadukorera ibara, umurwa akawuririkisha inkota.


Ehe nzororērera ku majabukiro afata mu bugaragwa, gushitsa aho muzommenyeshereza inkuru z’uko bimeze.


Kandi ntuzi yuk’ uzoba uri kumwe na Sadoki na Abiyatari abaherezi? Nuko ni wagira ikintu cose wumva i bgami, uz’ uze ukibarire abo baherezi Sadoki na Abiyatari.


Ntibibgire mu mitima yabo, bati Ha ha! Ico ni co twagomba. Ntibavuge, bati Turamuyongobeje.


Mba mpungiye vuba mu buhungiro, Nkikinga igihuhuta n’inkūbi y’umuyaga.


Abansi banje biriza umusi bashaka kummira, Kukw abandwananya agakēngērwe ari benshi.


Izotuma iri mw ijuru inkize, Ūshaka kummira ni yantuka. Sela. Imana izotuma imbabazi zayo n’ukuri kwayo.


Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi.


Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.


Yongera kumutera akamo, ati Bandanya unyaruke, ntuhagarare. Nuko nya mwana wa Yonatani atora imyampi, agaruka aho shebuja ari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ