Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:14
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.


ariko ni wasubira ku murwa, ukabgira Abusalomu, uti Mugenzi, mbaye umusavyi wawe; uti Nk’ uko nahora nsaba so mu gihe gishize, ni ko nawe nzogusaba. Uko ni k’uzoshobora kugenda unyicira inama za Ahitofeli.


Kandi mur’ ico gihe, inama Ahitofeli yazana bāzemera nk’izo bagīriwe n’Imana. Uko ni ko vyamera ku nama za Ahitofeli, uhereye kuri Dawidi ugashitsa kuri Abusalomu.


Nuk’ umwami ntiyemerera abantu; kukw ivyo vyari bivuye ku Mana ari we Uhoraho, kugira ngw ashitse ijambo yari yarabariye Yerobowamu mwene Nebati, aritumye Ahiya w’i Shilo.


Ariko yanka iyo nama abo bashingantahe bamugīriye, aja kugīsha inama imisore yārukanye na we, yari kuri we.


Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.


Ariko Amaziya ntiyaruha amwumvira; kukw ivyo vyari bivuye ku Mana, kugira ngw ibagabure mu maboko y’abansi babo, kuko bagiye kurondera ibigirwamana vy’Abanyedomu.


Nukw abansi bacu bumva ko vyamenyekanye muri twebge; Imana ihindura ubusa imigabo yabo, natwe twese dusubira ku ruzitiro, umuntu wese ku gikorwa ciwe.


Ishorera abajanama ar’ inyagano, N’abacamanza ibahindura ibipfu.


Abanyamahanga barokeye mu cobo biyimbiye, Mu mutego bateze, ni ho icabo kirenge gifatiwe.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi, Arikw inama y’Uhoraho ni yo izoguma.


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Ni muje inama, ariko zizopfa ubusa; ni muje ingingo, ariko ntizoshika, kukw Imana iri kumwe natwe.


Ni nde yovuga ikintu, kikaboneka, kand’ Umwami Imana atari we yabigeze?


Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo.


Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.


Kuk’ ubgenge bg’iyi si ar’ ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngw Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo.


Ariko Sihoni, umwami w’i Heshiboni, aratwankira ngo ntiduce mu gihugu ciwe, kuk’ Uhoraho Imana yanyu yamukomantaje umutima, akawugira nk’ ibuye, kugira ngw amugabure mu maboko yanyu, nk’uko n’ubu vyābaye.


Kukw ivyo vyari bivuye k’Uhoraho, yakomantaje imitima yabo, bakaza kurwana n’Abisirayeli, kugira ngw Abisirayeli babarandure rwose ata kagongwe, babageseze, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ