Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ariko jewe inama yanje, koranya Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bangane n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga, kandi nawe ubgawe uz’ ujane na bo mu ntambara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:11
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umukungugu wo hasi: namb’ umuntu yoshobora guharūra umukungugu wo hasi, n’uruvyaro rwawe na rwo rwoharūrwa.


Aburahamu akoroka kare, yābīra impamba n’ umukuza w’urusato wuzuye amazi, abitekerera Hagari, abishira ku rutugu rwiwe, amuha n’uwo mwana, aramwirukana; aragenda, azimagirika mu bugaragwa bg’i Beri‐sheba.


eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo;


uti None rero koranya izindi ngabo zisigaye, uze gusagaza imbere y’igisagara, abe ari wewe ugitsinda, uti Yoye kuba ari we agitsinda, bakazohava bakimwitirira.


Umwami abarira Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yari kuri we, ati Nyuragira mu miryango yose y’ Abisirayeli, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, muharūre abantu, kugira ngo mmenye igitigiri cabo.


ngakūra ingoma mu nzu ya Sauli, nkayegurira Dawidi, ngatuma ingoma yiwe ihangama mu Bisirayeli no mu Bayuda, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba.


Beni‐hadadi yongera kumutumako, muti N’umukungugu ur’ i Samariya, muti Ni waramuka ukwiye ingabo ziwe zimukakako, mut’ Umuntu wese ngw ayore n’urushi na rumwe, mut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bār’ isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


Nuko bazanana n’ingabo zabo zose; bāri benshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga, bo n’amafarasi n’imikogote vy’isinzi.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.


Nukw Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bamenya ko Samweli yegukiye kuba ūvugishwa n’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ