Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 17:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bizotuma umuntu wese acika ivutu, naho yoba yar’ intōre afise umutima nk’uw’ intambge; kukw Abisirayeli bose basanzwe bazi so kw ar’ umuhizi, kandi n’abari kumwe na we kw ar’ abantu b’ intōre.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 17:10
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yuda n’ikibunda c’intambge: Uradūze, mwana wanje, uvuye mu ruhīgi. Arūnamye, abunda nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohangāra kuyūbura?


Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.


Erega nk’ubu aramaze kwinyegeza mu rwobo cank’ ahandi; maze ni hagira abapfa bagitanguye kurwana, ūzovyumva wese azovuga, ati Habaye agatikizo mu bari kuri Abusalomu.


Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu bompi; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.


Ca gihe wabaririye abakunzi bawe nko mu nzozi, Uti Natabaye umunyenkomezi, Nashize hejuru uwatoranijwe mu bantu.


Ico gihe abakuru b’imiryango yo muri Edomu barumirwa; Intōre z’i Mowabu zija mu gatengo; Ab’i Kanani bose bagwa igihumura.


Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Erega n’inderuzo ya Salomo: Har’ abahizi mirongwitandatu bayikikije, Bo mu bahizi b’Abisirayeli.


Ivyo bizotuma amaboko yose adendebuka, n’umutima w’umuntu wese ushonga.


Imbūri yo kuri Egiputa. Rāba Uhoraho areruwe n’ igicu cihuta, aja muri Egiputa; ibigirwamana vyo muri Egiputa bizohindira agashitsi imbere yiwe, umutima wa Egiputa uzoyagira mu nda.


Kand’ iyo nkota iteye ubgoba nayibanguye ku marembo yabo yose, kugira ngw imitima yabo iyagire mu nda, n’ ugutsitara kwabo kwongerekane. Yō! Imeze nk’umuravyo, yasongorewe kuririka.


Muti None tudūga tuja hehe? Muti Bagenzi bacu ko baturanduye imitima, ngw Abantu baho ni banini, kandi baradusumba; ngw Ibisagara vyabo ni binini, bizitijwe inzitiro z’ amabuye zigera mw ijuru; ngo Mbere babonyeyo n’Abanaki.


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ