1 Hanyuma Ahitofeli abarira Abusalomu, ati Hinge ntoranye ingabo ibihumbi cumi na bibiri, mpaguruke nkurikire Dawidi mur’ iri joro nyene;
Kandi mur’ ico gihe, inama Ahitofeli yazana bāzemera nk’izo bagīriwe n’Imana. Uko ni ko vyamera ku nama za Ahitofeli, uhereye kuri Dawidi ugashitsa kuri Abusalomu.
ndamusēsekeko akirushe, acihebuye, ndamuce ivutu; maz’ abantu bari kumwe na we bose baza guca bahunga, mpeze nice umwami wenyene.
Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.
Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.
Kuko badasinzira, shiti bakoze ikibi; Kandi n’itiro ryabo riraguruka, iyo batagize uwo bagwisha.