Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze Abishayi umwana wa Seruwiya abaza umwami, at’ Ariko n’iki gituma tureka uwo muvyimba w’imbga akagenda aragutuka ga mwami wanje nyen’ ingoma? Hinge njabuke ndamuce izosi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aravuga, ati None Shimeyi ntakwiye gupfa, ko yatutse uwo Uhoraho yimikishije amavuta?


Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?


Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni.


Ayo majambo ya Ishibosheti ashavuza Abuneri cane; aramwishura, ati Mbeg’ ugira ngo nd’imbga y’i Buyuda? Ko nagiriye neza ab’ inzu ya so Sauli na bene wabo n’abakunzi biwe, nawe sinkugabure mu maboko ya Dawidi; non’ ugapfa kunyagiriza icaha ku mugore gusa?


Arasubira aramwunamira, ati Mbega jewe umusavyi wawe, n’ inda n’indesho, nar’ iki k’undoreshako n’ijisho, kandi nd’ imbga ipfuye?


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


Abigishwa biwe Yakobo na Yohana, babibonye, baramubaza, bati Mugenzi, ugomba ko tubarira umuriro ng’ utibuke uve mw ijuru, ubayigize, nk’uko Eliya yakoze?


Paulo, ati Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’ umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


None ga mwami w’Abisirayeli, uteye iki? Uhīga iki? Ereg’ uteye imbga ipfuye, uhīga imbaragasa!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ