Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?
Ayo majambo ya Ishibosheti ashavuza Abuneri cane; aramwishura, ati Mbeg’ ugira ngo nd’imbga y’i Buyuda? Ko nagiriye neza ab’ inzu ya so Sauli na bene wabo n’abakunzi biwe, nawe sinkugabure mu maboko ya Dawidi; non’ ugapfa kunyagiriza icaha ku mugore gusa?