Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:5
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami n’ abantu bose bari kumwe na we bashika i Ayefimu; aruhukirayo.


Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.


Agenda aratera umwami Dawidi amabuye, n’abantu biwe bose; kand’ abantu bose n’abahizi bose bari bamuhagatiye i buryo n’i bumoso.


Arik’ umwana w’umuhungu arababona, aragenda abibarira Abusalomu; na bo baragenda bihuta bompi, bashika i Bahurimu ku muntu yar’ afise icobo cimbge mu rugo rwiwe co kubīka amazi, bururukirayo.


na Abi‐aluboni w’i Arubati, na Azimaveti w’i Bahurimu;


Maz’ uwo mugabo wiwe aramuherekeza, agenda ararira inzira yose, arinda amushikana i Bahurimu. Ashitseyo, Abuneri aramubarira, ati Hogi subira inyuma; nukw aca asubira inyuma.


Ku murwa i Shushani hār’ Umuyuda yitwa Moridekayi mwene Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi wa Kishi, Umubenyamini.


Kukw Imana yabanguruye urutsi rw’umuheto wanje, incisha bugufi; Ni co gituma batigarura imbere yanje.


Abansi banje barantuka umusi ukīra, Abandandamukiye bahinduye izina ryanje agatukisha.


Ni bapfe kuvuma, ariko weho umpezagire; Ni bava hasi bazomāramāra, arik’ umusavyi wawe azonezerwa.


Kuko bahama uwo wakubise; Kandi bongeranya umubabaro w’abo wakomerekeje.


kukw ari yo yipfuka yonyene, ari wo mwambaro wo ku mubiri wiwe; none yokwiyorosa iki? Ni yantakambira, nzomwumviriza, kuko nd’ umunyembabazi.


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


Nk’ukw akanyoni kayerēra, n’ intamba iguruka, Ni ko n’umuvumo w’ubusa ata we wokora.


Ntukavume umwami, eka naho vyoba mu vyiyumviro vyawe; kandi ntukavume umutunzi naho woba haruguru mu mpete: kukw inyoni yo mu kirēre izoritwara, kand’ igisīga kizovyandagaza.


Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru:


Wa Mufilisitiya abaza Dawidi, ati Mbeg’ ugira ngo nd’ imbga, k’uje kundwanya ufise inkoni? Araheza avuma Dawidi mu mazina y’imana ziwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ