4 Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.
Maze Yowabu akubita inkoro hasi, yunamira umwami, aramuhezagira; aravuga, ati Jewe umusavyi wawe uyu musi mmenye ko ngutonnyeko, mwami wanje nyen’ ingoma, kuk’ ukoze ico nagusavye.
Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi.
Umwami abgira uwo mugore, ati Genda, ni witahire; ivyawe ndabitunganya.
Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.
Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.
Hanyuma aza kukumbesherako, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko rero mugenzi, umeze nk’umumarayika w’ Imana; nuko n’ukore ico ugomba;
Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!
Umwami araheza ahamagaza Ziba, yar’ umunyarugo wa Sauli, at’ Ivyar’ ivya Sauli vyose n’ivyar’ ivy’ abo mu nzu yiwe bose, mbigabiye mwene shobuja.
Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ ababona, kand’ igoreka imanza z’ abagororotsi.
Ūwishura atarumva Bimubera ubupfu n’agatētereza.
Ūbanza kwitwara, umengo ni we afise urubanza, Arik’ uwo babūrana yaza akamwararaza.
Ikindi, umutima kutagira ubgenge si vyiza, Kand’ ūgenda yihutagiza ahusha inzira.
Icabona kimwe gusa ntikirangije kwagiriza umuntu ico yagabitanije cank’ ikindi caha ic’ ari co cose; amajambo az’ aringanizwe, bivuye mu kanwa k’ ivyabona bibiri canke bitatu.