Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Nuko bashingira Abusalomu ihema hejuru ku ngoro; Abusalomu araheza yinjirana izo ncoreke za se, Abisirayeli bose babona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:22
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Isirayeli akiri mur’ ico gihugu, Reyubeni aragenda asambana na Biluha incoreke ya se: Isirayeli arabimenya. Nukw abahungu ba Yakobo bari cumi na babiri:


Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe.


Nuk’ umwami avanayo n’abo mu rugo rwiwe bose bamukondoreye inyuma; arikw asigay’ icumi bo mu ncoreke ziwe yagize abagore, ngo bazigame urugo.


Nuk’ umwami Dawidi ashitse i we i Yerusalemu, ajana za ncoreke ziwe yagize abagore ukw ar’ icumi, abo yari yasigaranye urugo; abashira mu nzu, abaha ababarinda; abatungiraho, ariko ntiyasubira kubarārira. Nuko baguma ngaho barindwa, barinda bapfa bameze nk’abapfakazi.


Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kukw amaraso yaco ari hagati muri co; cayashize ku rutare rugaragara; nticayasutse mw ivu, ngw atwikirwe n’umukungugu.


Bagize bartya, umwe mu Bisirayeli azana Umumidiyanikazi amushikana mu b’i wabo, amwātātana imbere ya Mose n’imbere y’ ishengero ryose ry’Abisirayeli, aho bāriko bararirira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ