Ahitofeli yishura Abusalomu, ati Genda winjirane baka so b’incoreke, abo yasigaranye urugo; ni ho Abisirayeli bose bazomenya ko wacancabuye na so, abari kumwe nawe bose bagaca barema.
Bazobona ibara, abarondera kuzika inama zabo i kuzimu ngo bazihishe Uhoraho, ibikorwa vyabo bikaba mu mwiza, bakavuga, bati Ni nde atubona? kandi bati Ni nde atuzi?