Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Umwami abaza Ziba, at’ Ibi n’ivy’ iki? Ziba aramwishura, at’ Indogoba n’izo kugira ngw abo mu rugo rwawe bazigendereko, mugenzi; imitsima n’ amatunda na vyo n’induhuro y’ imikangara, vino na yo n’iyo guhēmbūra abazogwira isari mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:2
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abimeleki abaza Aburahamu, ati Mbeg’ iyo myagazi ndwi urobanuye, bisobanurwa ngw iki?


Aramubaza, at’ Ayo masho yose twahūye, yo n’ay’ iki? Aramwishura, ati N’ayo kugira ngo ngirirwe akagongwe imbere yawe, mugenzi.


Hanyuma y’ivyo, Abusalomu yironderera umukogote n’amafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.


Igihugu cose kirarira kiraboroga abantu bose bakiriko barajabuka; umwami na we aca arajabuka uwo mugezi Kidironi. Nukw abantu bose ni kwo kujabuka; bagenda batumbereye inzira ija mu bugaragwa.


n’ubūki, n’urubu, n’ intama, n’umukānyūre w’amavuta y’inka, babigemurira Dawidi n’ abo bari kumwe; kuko bari biyumviriye, bat’ Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa.


Aramwishura, at’ Ereg’ umuntu wanje yarampenze, mwami wanje nyen’ ingoma; kuko jewe umusavyi wawe namubgiye ngw anshirire amatandiko ku ndogoba kugira ngo ndayigendereko njane nawe, mugenzi, kuko jewe umusavyi wawe nd’ikimuga.


Maz’ abantu b’ubgoko bganyu ni bakubaza, bati Mbega ntiwodusobanurira ivyo uko bigenze?


Kandi yar’ afise abahungu mirongwitatu, bagendera ku ndogoba mirongwitatu nyene, kandi bari bafise ibisagara mirongwitatu vyitwa Havoti‐yayiri, kandi ni ko bicitwa na bugingo n’ubu; biri mu gihugu c’i Gileyadi.


Yemwe abagendera ku ndogoba z’ibihororo, Yemwe abīshānyāngira ku mikeka myiza, Yemwe abari ku nzira, ni muririmbe.


Maz’ umwe mur’ abo bantu aramubarira, at’ Erega so yari yihanikirije abantu, arabarahiza, ngo Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira uyu musi. Kand’ abantu bari badendebukiwe.


None rero mwami wanje, nyakīrira iri shikanwa ngushikaniye, jewe umuja wawe, urigaburire imikangara yawe ikugendanira, mugenzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ