ariko ni wasubira ku murwa, ukabgira Abusalomu, uti Mugenzi, mbaye umusavyi wawe; uti Nk’ uko nahora nsaba so mu gihe gishize, ni ko nawe nzogusaba. Uko ni k’uzoshobora kugenda unyicira inama za Ahitofeli.
Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo.