18 Hushayi yishura Abusalomu, at’ Ekaye; arik’ ūtoranijwe n’ Uhoraho n’iri hanga bo n’ingabo zose z’Abisirayeli, nzoba uwiwe, ni we nzogendanira.
Maze Abusalomu abaza Hushayi, at’ Urwo ni rwo rukundo ukunze wa mukunzi wawe? Mbega k’utajanye na we?
Kare ho nosavye nde? Sinosavye umwana wiwe? Nk’uko nahora nsaba so ni ko nawe nzogusaba.
Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.