Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze Hushayi Umwaruki, umukunzi wa Dawidi, ashikiriye Abusalomu, aramubarira, at’ Uragahora ku ngoma, uragahora ku ngoma!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:16
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi ashitse ku mpinga y’uwo musozi, aho bama basengera Imana, Hushayi Umwaruki aza guhūra na we, yitantamuriyekw impuzu yiwe, yisutse ivu ku mutwe.


ariko ni wasubira ku murwa, ukabgira Abusalomu, uti Mugenzi, mbaye umusavyi wawe; uti Nk’ uko nahora nsaba so mu gihe gishize, ni ko nawe nzogusaba. Uko ni k’uzoshobora kugenda unyicira inama za Ahitofeli.


Nuko Hushayi, uwo mukunzi wa Dawidi, aja ku murwa i Yerusalemu, ahashika igihe Abusalomu na we ashitseyo.


Uyu musi ko yamanutse, akabāga inka n’amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, agatumira abana bawe bose mugenzi, n’abagabisha b’ ingabo, na Abiyatari umuherezi; none bakaba bariko bararya, banywa, bar’ imbere yiwe, bavuga ng’ Umwami Adoniya n’ahangame!


maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!


Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;


Maze Yehoyada asohokana uwo mwana w’umwami, amwambika igitsibo c’ubgami amuha n’Ibishinga intahe. Nuko bamwimikisha amavuta, bamugira umwami; maze bakoma amashi, baravuga, bat’ Umwami n’ahangame!


Maz’ Abakaludaya bishura umwami mu rurimi rw’igisiriya, bati Mugenzi nyaguhoraho, uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.


Maz’ umugabekazi, yumvise amajambo y’umwami n’abaganwa biwe, yinjira mu nzu y’amazimano, aravuga, ati Mugenzi nyaguhoraho, nta co uhagarika umutima, ngo mu nyonga hawe hahindurire:


Maze Daniyeli yishura umwami, ati Mugenzi nyaguhoraho,


Nukw abo bakuru n’ abaganwa bakondorera ku mwami Dariyo, baramubgira, bati Mwami nyaguhoraho;


Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.


Maze Samweli abarira abantu bose, ati Mbega murabona uw’ Uhoraho yatoranije, kw ata wuhwanye na we mu bantu bose? Abantu bose bashira akamo hejuru, bat’ Umwami n’ahangame.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ