14 Nuk’ umwami n’ abantu bose bari kumwe na we bashika i Ayefimu; aruhukirayo.
Nuko Dawidi n’abantu biwe bakomeza inzira, Shimeyi na we agenda akikamanye umusozi abangikanye na we, amutuka ingenda, amutera amabuye asūra umukungugu.
Nuko Abusalomu n’Abisirayeli bose bashika i Yerusalemu, na Ahitofeli ari kumwe na we.
Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.
ndamusēsekeko akirushe, acihebuye, ndamuce ivutu; maz’ abantu bari kumwe na we bose baza guca bahunga, mpeze nice umwami wenyene.
n’ubūki, n’urubu, n’ intama, n’umukānyūre w’amavuta y’inka, babigemurira Dawidi n’ abo bari kumwe; kuko bari biyumviriye, bat’ Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa.