12 Kumbure Uhoraho azorāba ayo mbonye, ampe ivyiza mu gishingo c’iyo mivumo mvumwe uyu musi.
Nuko Dawidi n’abantu biwe bakomeza inzira, Shimeyi na we agenda akikamanye umusozi abangikanye na we, amutuka ingenda, amutera amabuye asūra umukungugu.
Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo yose ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.
Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.
Ni bapfe kuvuma, ariko weho umpezagire; Ni bava hasi bazomāramāra, arik’ umusavyi wawe azonezerwa.
Uhoraho, ni wibukire Dawidi amarushwa yiwe yose;
Witegereze umubabaro wanje n’umuruho, Umparire ivyaha vyanje vyose.
Kuk’ uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe, Kand’ Uhoraho azoguhēra.
Nk’ukw akanyoni kayerēra, n’ intamba iguruka, Ni ko n’umuvumo w’ubusa ata we wokora.
Mbega yabakubise nk’uko yakubise abābakubita? Canke bishwe nk’uko hāgeseye abo yishe?
Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.
Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.
Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.
Yamar’ Uhoraho Imana yanyu yanka kwumvira Balamu, arik’ uwo muvumo Uhoraho Imana yanyu awubahindurira umugisha, kuko yabakunda.
Muze murinde mupfa mutabendeje ivy’ amahoro cank’ ivyiza ukw ibihe bizoha ibindi.
no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,
Kuko ba bandi bādukāngīra imisi mike nk’uko bāgomba, ariko we adukāngīrira ikigira ikimazi, kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe.
asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.