2 Samweli 16:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki? အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.
None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.