Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza, kugira ngw ishitse ibiriho mur’ iyi misi, ikize abantu benshi, boye gupfa.


Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?


Umwami abarira Shimeyi, at’ Eka ntupfa. Araheza arabimurahira.


Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana.


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.


Muti Mbega yadūze gutera aha hantu no kuharandura, atari kubg’ Uhoraho? Mut’ Ereg’ Uhoraho ni we nyene yamubariye, ati Dūga utere ico gihugu, ukirandure.


Isūmira ico iteye: ni nde yoyikimiranya? Ni nde yoyibaza, at’ Ivyo ugira n’ibiki?


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Kukw ijambo ry’umwami riri n’ububasha; kandi ni nde yomubaza, at’ Ico ukora n’igiki?


Ni nde yovuga ikintu, kikaboneka, kand’ Umwami Imana atari we yabigeze?


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


Maze Yesu abarira Petero, ati Subiza inkota mu rwubati: mbeg’ igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?


Ariko ga wa muntu, uri nde, uhārīra n’Imana? Mbeg’ icābūmbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya?


yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ