Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 16:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Dawidi, aminutse impinga gatoya, ahūra na Ziba, umuntu wa Mefibosheti, azanye indogoba zibiri zirikw amatandiko, zīremētse amarobe y’ imitsima amajana abiri, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’amatunda ahishirije ijana, n’umukuza wa vino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 16:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi atangura kudūga umusozi Elayono, adūga ararira ingenda, yitwikiriye mu mutwe, atambaye inkweto; kand’ abantu bose bari kumwe na we bitwikira mu mitwe, badūga bararira ingenda.


Maze Dawidi ashitse ku mpinga y’uwo musozi, aho bama basengera Imana, Hushayi Umwaruki aza guhūra na we, yitantamuriyekw impuzu yiwe, yisutse ivu ku mutwe.


kandi yari kumwe n’ abantu igihumbi b’Ababenyamini nyene. Kandi Ziba, umwe nyene yamye ar’ umusavyi wa Sauli n’ inzu yiwe, arindimuka kuri Yorodani ari kumwe n’abahungu biwe ukw ar’ icumi na batanu n’abantu biwe ukw ari mirongwibiri, umwami abarorēra,


Baruzilayi uwo yar’ umutāma ashaje cane, yar’ amaze imyaka mirongumunani, kandi ni we yagemuriye umwami aho yar’ i Mahanayimu, kuko yar’ umuntu w’umutunzi cane.


Kandi n’abāba hafi yaho, mber’ ugashitsa n’i Bgisakari n’i Buzebuloni n’i Bunafutali, bazanye ingemurano baziremētse indogoba n’ingamiya n’ inyumbu n’inka, ingemurano z’ amafu, n’uturobe tubumbabumbge mu nsukoni, n’imisoko y’ inzabibu zumye, na vino, n’amavuta ya elayo, n’inka n’intama vyinshi cane; kuko hār’ akanyamuneza mu Bisirayeli.


Ishikanwa ry’umuntu rimuronkera akayira, Rimushitsa imbere y’abahambaye.


Nanje rāba ngerereye i Mizipa, kugira ngo nshikirweko n’Abakaludaya mu vyo bazombarira vyose, ni baza ino: ariko mweho, mwamure inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama na elayo z’amavuta, mubishire mu mibindi yanyu, mwibere mu bisagara vyanyu mwegukiye.


nukw Abayuda bose baragaruka, bavuye ahantu hose aho bari barirukaniwe, bashika mu gihugu c’i Buyuda, baza kuri Gedaliya i Mizipa, bamura inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama vyinshi cane.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ngize ntya, mbona igisimbo c’amatunda ahīshiye.


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Maz’ uvuye aho, ugiye nk’akarēre, ugashika ku giti c’umweloni c’i Tabora, uja guhūra n’abantu batatu badūga gushengerera Imana i Beteli, umwe ateruye abagazi b’impene batatu, uwundi atwaye amarobe atatu y’imitsima, uwundi atwaye umukuza wa vino.


Nuko Isayi yābīra indogoba, ayishirakw imitsima n’umukuza w’urusāto wuzuye vino, n’umwagazi w’impene, abirungikana umuhungu wiwe Dawidi ngw abishikanire Sauli.


Maze Abigayili arakwakwanya, akora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni, abiremēka indogoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ