2 Samweli 16:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Maze Dawidi, aminutse impinga gatoya, ahūra na Ziba, umuntu wa Mefibosheti, azanye indogoba zibiri zirikw amatandiko, zīremētse amarobe y’ imitsima amajana abiri, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’amatunda ahishirije ijana, n’umukuza wa vino. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi n’abāba hafi yaho, mber’ ugashitsa n’i Bgisakari n’i Buzebuloni n’i Bunafutali, bazanye ingemurano baziremētse indogoba n’ingamiya n’ inyumbu n’inka, ingemurano z’ amafu, n’uturobe tubumbabumbge mu nsukoni, n’imisoko y’ inzabibu zumye, na vino, n’amavuta ya elayo, n’inka n’intama vyinshi cane; kuko hār’ akanyamuneza mu Bisirayeli.