9 Umwami aramwishura, ati Nuko genda amahoro. Nukw arahaguruka aja i Heburoni.
Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.
Kuko nasezeranye isezerano, jewe umusavyi wawe, igihe naba i Geshuri muri Siriya, nt’ Uhoraho ni yaramuka anshubije i Yerusalemu, nzomusaba.
Hanyuma Yosuwa aradūga, ava i Eguloni, bo n’Abisirayeli bose, batera i Heburoni, baraharwanya.
Maze Eli aramwishura, ati Nuko ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.
Nuko Dawidi amwākīrira ivyo amuzaniye; aramubarira, ati Ni wīdūgire, usubire i muhira amahoro; nukw ivyo uvuze ndavyumvise, ndakwemereye.