7 Hashize imyaka ine, Abusalomu abarira umwami, ati Ndasavye unyemerere nje i Heburoni, gushitsa isezerano nasezeraniye Uhoraho.
Abusalomu amara imyaka itatu i Geshuri iyo yahungiye.
Abana b’abahungu Dawidi yavyariye i Heburoni, uw’ imfura ni Amunoni, uwo yavyaye kuri Ahinowamu w’i Yezireli;
uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri;
Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?
Rāba ico mwisonzeshereza n’amahāne n’ imitongano no gukubitana ibipfunsi vyo kugiriranira nabi; ereg’ ukwisonzesha kwanyu kwo mur’ iyi misi si kwo kwotuma ijwi ryanyu ryumvikana mw ijuru.
Abatuma i Betelehemu, ati Mugende, mubaze mushirutse umwete ivy’ uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje nze kumushengerera.
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [
Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.