5 Kand’ iyo hagize ūmwunamira ngw amuramutse, yarāmvura ukuboko akamufata akamugumbira.
Nuko Yowabu aja i bgami, arabimubarira; maz’ umwami ahamagaza Abusalomu, ararenguka, akubita inkoro hasi imbere y’ umwami; umwami aramugumbira.
Yowabu abarira Amasa, ati N’amahoro ga ncuti? Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ ūgira amusome.
Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.
Ni yagira imvugo nziza, ntuz’ umwemere, Kuko mu mutima wiwe harimw’ ibizira ndwi.
Ntiwansomye; arik’ uyu uhereye aho ninjiriye ntiyasizeho kunsomagura ibirenge.