4 Kandi Abusalomu agatakw akavuga, ati Yemwe, iyaba naragizwe umucamanza w’iki gihugu, umuntu wese yogize imbūrano cank’ aje kwitwara, akanshikīra, nomuciriye urubanza rwiza!
Kand’ iyo hagize ūmwunamira ngw amuramutse, yarāmvura ukuboko akamufata akamugumbira.
Ntiwikakishe mu nyonga z’ umwami, Kandi ntukirobeke mu bahambaye:
Wopfuma ushimwa n’uwundi, hak’ ushimwa n’akanwa kawe; Wopfuma ushimwa n’akavantara, hak’ ushimwa n’ iminwa yawe.
Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.
Icompa nkaba ari jewe mbaganza! Nokūraho Abimeleki! Nobarira Abimeleki, nti Gwiza ingabo zawe, uheze uze, uransanga!