37 Nuko Hushayi, uwo mukunzi wa Dawidi, aja ku murwa i Yerusalemu, ahashika igihe Abusalomu na we ashitseyo.
Maze Abusalomu aravuga, ati Mpamagarira Hushayi Umwaruki na we, twumve ico avuga.
Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;
Ahitofeli ni we yar’ umujanama w’umwami; Hushayi Umwaruki yar’ umukunzi w’ umwami;
rukava i Beteli rugashika i Luzi, rugakomeza inzira rugashika ku rubibe rw’Abaruki ahitwa Ataroti;