Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore? Non’ icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ ingoma?