Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Maze Dawidi ashitse ku mpinga y’uwo musozi, aho bama basengera Imana, Hushayi Umwaruki aza guhūra na we, yitantamuriyekw impuzu yiwe, yisutse ivu ku mutwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:32
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.


Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.


Maze Dawidi atangura kudūga umusozi Elayono, adūga ararira ingenda, yitwikiriye mu mutwe, atambaye inkweto; kand’ abantu bose bari kumwe na we bitwikira mu mitwe, badūga bararira ingenda.


Maze Dawidi, aminutse impinga gatoya, ahūra na Ziba, umuntu wa Mefibosheti, azanye indogoba zibiri zirikw amatandiko, zīremētse amarobe y’ imitsima amajana abiri, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’amatunda ahishirije ijana, n’umukuza wa vino.


Nuko Abusalomu n’Abisirayeli bose bashika i Yerusalemu, na Ahitofeli ari kumwe na we.


Maze Abusalomu aravuga, ati Mpamagarira Hushayi Umwaruki na we, twumve ico avuga.


Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


na Bayana mwene Hushayi yatoza ivy’ Abasheri n’ivy’ i Beyaloti;


Ahitofeli ni we yar’ umujanama w’umwami; Hushayi Umwaruki yar’ umukunzi w’ umwami;


Uhoraho we, haguruka: Mana yanje we, nkiza: Kuko wakubise abansi banje bose mu musaya, Wahongoye amenyo y’ababi.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa,


rukava i Beteli rugashika i Luzi, rugakomeza inzira rugashika ku rubibe rw’Abaruki ahitwa Ataroti;


Maz’ umuntu wo mu ba Benyamini ava mu rugamba, agenda yiruka, ashika i Shilo uwo musi, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ