Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:31
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ igihe Abusalomu yarikw aratanga ibimazi, atuma guhamagaza Ahitofeli w’i Gilo, umujanama wa Dawidi; ava mu gisagara c’i wabo i Gilo. Nukw inama y’ubugarariji irakomera, kukw abantu bāgenda bagwirirana kuri Abusalomu.


Kandi mur’ ico gihe, inama Ahitofeli yazana bāzemera nk’izo bagīriwe n’Imana. Uko ni ko vyamera ku nama za Ahitofeli, uhereye kuri Dawidi ugashitsa kuri Abusalomu.


Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago.


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Maze Abusalomu aravuga, ati Mpamagarira Hushayi Umwaruki na we, twumve ico avuga.


Hushayi yishura Abusalomu, at’ Ubu ho inama Ahitofeli yazanye si yo.


Yica imigabo y’ingunge, Kugira ngw amaboko yazo ntāgire ingene yoyishitsa.


Bankikije amagambo y’urwanko, Bandwanije ata nyanduruko.


Uhoraho we, ereg’ abarwanizi banje baragwiriye! Abangararije ni benshi.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Ku murango no mw ijoro bagendagenda hejuru y’inzitiro z’amabuye zaco; Kandi kugabitanya n’inzigo biri hagati muri co;


S’umwansi yantutse, Vyari kumbera ibitwarika; Cank’ uwanyanka si we yanyishimye hejuru, Mba naramwinyegeje.


Umutima wa Egiputa uzokamangana, nanje nzokwica imigabo yaho; bazoja gusiguza ibigirwamana n’abavovota n’abahamagara imizimu bo n’abamenyi.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?


Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ