Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Maze Dawidi atangura kudūga umusozi Elayono, adūga ararira ingenda, yitwikiriye mu mutwe, atambaye inkweto; kand’ abantu bose bari kumwe na we bitwikira mu mitwe, badūga bararira ingenda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:30
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Sadoki na Abiyatari barerura iyo sandugu y’Imana, bayisubiza i Yerusalemu, bagumayo.


Kand’ umwami yari yitwikiriye mu maso, avuza induru, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje we!


Maze Yowabu yinjira mu nzu ah’ umwami ari, aramubarira, at’ Uyu musi utētereje abantu bawe bose, kand’ ari bo bakijije amagara yawe uyu musi nyene, n’ay’ abahungu bawe n’abakobga bawe, n’ay’ abamikazi bawe n’abagore bawe b’incoreke,


Hanyuma Moridekayi asubira ku kirimba i bgami; ariko Hamani arihuta asubira i we, ababaye kandi yitwikiriye.


Amosozi yanje ni yo yambereye ivyo kurya ku murango no mw ijoro, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.


Kuniha kwawe kuraba amapfiranda; ntuz’ ugandarire ūpfuye, wizingire igitambara cawe mu mutwe, wambare inkweto zawe, ntiwipfuke ku munwa, kandi nturye ibiryazagu.


Ibitambara vyanyu bizoba biri mu mitwe yanyu, n’inkweto muzoba muzambaye: ntimuzoboroga canke ngo murire; ariko muzoshira umunywera kubg’ ibigabitanyo vyanyu, mucurire umunihiro hamwe.


Kur’ uwo musi azohagarika ibirenge ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba; uwo musozi Elayono uzotemukamwo kubiri uhereye aherekeye i burasirazuba ugashitsa aherekeye i burengerazuba; uzocikamw’ uruhomoka runini cane; igihimba c’uwo musozi kizokwikumira i burārūko, ikindi cikumire i bumanuko.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa,


Agira ashike, ageze ku kamanuko k’umusozi wa Elayono, ishengero ryose ry’abigishwa ritangura kunezerwa no guhimbaza Imana n’ijwi rirenga, bayishimira ibitangaza babonye vyose,


Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra,


Imisi yose Yesu yirirwa mu rusengero yigisha, ariko bgira, agasohoka, akaja kurāra ku musozi witwa Elayono.


Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk’uko yamenyereye: abigishwa biwe na bo baramukurikira.


Buno basubira i Yerusalemu, bavuye ku musozi witwa Elayono, uri hafi y’i Yerusalemu nk’urugendo rwemewe kugendwa kw’ isabato.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ