Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Abusalomu akamubarira, at’ Ereg’ urubanza rwawe rwari rwiza kandi rwari ruboneye; ariko nta muntu umwami yashizeho wo kwumviriza ivyawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:3
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Abusalomu agatakw akavuga, ati Yemwe, iyaba naragizwe umucamanza w’iki gihugu, umuntu wese yogize imbūrano cank’ aje kwitwara, akanshikīra, nomuciriye urubanza rwiza!


Nuko Dawidi yaganza Abisirayeli bose, agacira abantu biwe bose imanza ziroranye.


Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.


Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Umunyangeso nziza atoneshwa n’Uhoraho, Arik’ umuntu w’imigabo y’ ibibi Uhoraho azomucirakw iteka.


Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.


Bikoraniriza hamwe kurwanya Mose na Aroni, barababarira, bat’ Ivyanyu biratunaniye! Ereg’ ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’ Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?


Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’ it’ Ūtutse se canke nyina ntaz’ abure kwicwa.


Paulo, ati Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’ umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


ariko cane‐cane abagenda bakurikira ivy’ akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza. Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ