28 Ehe nzororērera ku majabukiro afata mu bugaragwa, gushitsa aho muzommenyeshereza inkuru z’uko bimeze.
Igihugu cose kirarira kiraboroga abantu bose bakiriko barajabuka; umwami na we aca arajabuka uwo mugezi Kidironi. Nukw abantu bose ni kwo kujabuka; bagenda batumbereye inzira ija mu bugaragwa.
Nuko Sadoki na Abiyatari barerura iyo sandugu y’Imana, bayisubiza i Yerusalemu, bagumayo.
Umwami abaza Ziba, at’ Ibi n’ivy’ iki? Ziba aramwishura, at’ Indogoba n’izo kugira ngw abo mu rugo rwawe bazigendereko, mugenzi; imitsima n’ amatunda na vyo n’induhuro y’ imikangara, vino na yo n’iyo guhēmbūra abazogwira isari mu bugaragwa.
Hanyuma Ahitofeli abarira Abusalomu, ati Hinge ntoranye ingabo ibihumbi cumi na bibiri, mpaguruke nkurikire Dawidi mur’ iri joro nyene;
None rero ni mutume kuri Dawidi vuba, mut’ Iri joro nturāre ku majabukiro afata mu bugaragwa, ariko ntihagire ikikubuza kujabuka; muti Kugira ngo ntibakumirane n’abantu bose muri kumwe, mugenzi.
Nukw Abisirayeli bagishagaje i Gilugali barya ivya Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba, bari mu kiyaya c’i Yeriko.