ariko ni wasubira ku murwa, ukabgira Abusalomu, uti Mugenzi, mbaye umusavyi wawe; uti Nk’ uko nahora nsaba so mu gihe gishize, ni ko nawe nzogusaba. Uko ni k’uzoshobora kugenda unyicira inama za Ahitofeli.
Kandi bafiseyo n’ abahungu babo bompi, Ahimasi wa Sadoki na Yonatani wa Abiyatari; abo ni bo muzoja murantumako, ngo mummenyeshe ivyo muzokwumva vyose.
Kandi Yonatani na Ahimasi bāri babaye barīkinga i Eni‐rogeli, umuguranokazi akāma aja kubacira agace, na bo bakaja kubibgira umwami Dawidi; kuko batātinyuka gushika ku murwa icese.
Na we aramwishura, at’ Erega mur’ iki gisagara harih’ umuntu w’Imana, kandi n’umunyacubahiro; ivyo avuga vyose bihora bishika; enda se tujeyo, kumbure yoturangira inzira tujana.