Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Na ho ni yambarira ngo sindamuhimbaye; ehe ndi hano: n’angire ukw agomba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:26
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


Hanyuma agandutse, Dawidi atuma kumuzana i we, aramucūra; bavyarana umwana w’umuhungu; arikw ivyo Dawidi yakoze vyababaje Uhoraho.


kukw abo mu rugo rwa data twese imbere yawe twār’ abo gupfa gusa; uraheza jewe umusavyi wawe unshira mu barīra ku meza yawe. None har’ ikindi novuga ngo ngutakambire ga mugenzi?


Abinkūramwo, anshira ahantu hāgutse: Yandokoye kuko namuhimbaye.


Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.


Maz’ ico kintu gitera Imana umwikomo, ni co catumye ihana Abisirayeli.


Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma yiwe, ng’ ube umwami, umutwarire. Imana yawe ko yakunze Abisirayeli, ikabakomeza gushitsa ibihe vyose, ni co catumye ikwimika ng’ ube umwami wabo, kugira ng’ uce izibereye n’ iziroranye.


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


Ntuzosubira kwitwa Ntabga, n’igihugu cawe ntikizosubira kwitwa Misaka; arik’ uzokwitwa Nkundwakazi, n’igihugu cawe kizokwitwa Uwābiriwe; kuk’ Uhoraho agukundwakaje, kand’ igihugu cawe kizokwābīrwa.


Mbeg’ uyu Koniya n’urwavya rukēngērwa rusāvye? N’urwavya rudahimbaye? N’iki catumye bashiburwa, bashiburirwa mu gihugu batazi?


Mbere nzobanezererwa mbagirire neza, kandi nzobatēragira mur’ iki gihugu vy’ukuri, bivuye mu mutima wanje wose no mu mushaha wanje wose.


Uhoraho namba tumuhimbaye, azotujana mur’ ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ubūki.


Hezekiya yavyaye Manase, Manase yavyaye Amoni, Amoni yavyaye Yosiya,


None rāba, turi mu maboko yawe: utugire uk’ ugomba, nk’uko wumva bikubangukiye.


Abisirayeli bishura Uhoraho, bati Twaracumuye koko, none n’utugire uk’ ugomba: mugabo, wemere kudukiza iri rimwe gusa.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ