Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:24
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami arongera abarira Sadoki umuherezi, at’ Urumva, ni musubire ku murwa amahoro, mwe n’abahungu banyu bompi, Ahimasi umuhungu wawe na Yonatani mwene Abiyatari.


Kandi ntuzi yuk’ uzoba uri kumwe na Sadoki na Abiyatari abaherezi? Nuko ni wagira ikintu cose wumva i bgami, uz’ uze ukibarire abo baherezi Sadoki na Abiyatari.


Shewa yar’ umukarani; Sadoki na Abiyatari ni bo bār’ abaherezi;


Kand’ uko vyagenze n’uku: abareruye isandugu y’Uhoraho batambutse intambuko zitandatu, atanga impfizi kw ikimazi, bo n’ ishuri y’igishishe.


Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Seraya ni we yar’ umukarani;


Ariko Sadoki umuherezi na Benaya mwene Yehoyada na Natani uwavugishwa n’Imana na Shimeyi na Reyi na ba bahizi ba Dawidi, ntibāfatanya na Adoniya.


Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose.


Maz’ umwami ashira Benaya mwene Yehoyada mu gishingo ca Yowabu ngw abe umugabisha w’ingabo, ashira na Sadoki umuherezi mu gishingo ca Abiyatari.


Aravuga, ati Ntihaze hagire umuntu wundi arerura isandugu y’Imana atar’ Abalewi, kukw ari bo Uhoraho yatoranije kwama bayirerura, no kumukorera imisi yose.


Uzoba uw’ abaherezi bejejwe bo muri bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo nabajeje, ntibazimire igihe Abisirayeli bāzimira, nk’ukw Abalewi bāzimiye.


Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


Arikw Abakohati ntiyagira ico abaha, kuko bo, igikorwa cabo bājējwe car’ ico mu bintu vyēra, bakaba bari bakwiye kubirerura ku bitugu vyabo.


babarira abantu, bati Ni mwabona isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu ireruwe n’abaherezi ari bo Balewi, muze muce muhaguruka muve aho muri, muyikurikire,


Yosuwa araheza abarira abaherezi, ati Ni murerure isandugu y’ isezerano, mwītangire imbere y’ abantu mu kujabuka. Nuko barerura iyo sandugu, bītangira imbere y’abantu.


Kand’ abaherezi ndwi baze bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu; maze ku musi ugira indwi muze muzenguke ico gisagara ibihetangabo ndwi; kand’ abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba.


Nuko Yosuwa mwene Nuni ahamagaza abaherezi, arababarira, ati Ni murerure isandugu y’isezerano, maz’ abandi baherezi ndwi bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu y’Uhoraho.


Arik’ umwe mu bahungu ba Ahimeleki mwene Ahitubu, yitwa Abiyatari, aracīka, ahungira iyo Dawidi ari.


Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ