22 Dawidi yishura Itayi, ati Nuko genda, ujabuke. Nuko Itayi Umunyegati arajabuka, bo n’ingabo ziwe zose n’abana bose bari kumwe na we.
Itayi yishura umwami, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene mwami wanje nyen’ ingoma, ni wewe ndahiro yanje, ah’ uzoba, mugenzi, ni ho nzoba, jewe umusavyi wawe, ar’ ugupfa ar’ ugukira.
Igihugu cose kirarira kiraboroga abantu bose bakiriko barajabuka; umwami na we aca arajabuka uwo mugezi Kidironi. Nukw abantu bose ni kwo kujabuka; bagenda batumbereye inzira ija mu bugaragwa.