Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Itayi yishura umwami, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene mwami wanje nyen’ ingoma, ni wewe ndahiro yanje, ah’ uzoba, mugenzi, ni ho nzoba, jewe umusavyi wawe, ar’ ugupfa ar’ ugukira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:21
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi yishura Itayi, ati Nuko genda, ujabuke. Nuko Itayi Umunyegati arajabuka, bo n’ingabo ziwe zose n’abana bose bari kumwe na we.


Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli.


Maze Eliya yongera kumubarira, at’ Enda rero Elisa, sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Yeriko. Aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baja i Yeriko.


Eliya yongera kumubarira, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye kuri Yorodani. Na we aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko bompi barajana.


Nyina w’uwo mwana aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, singusiga. Nuko Elisa ava hasi, aramukurikira.


Umukunzi akundana ibihe vyose, Kandi yavukiye kukubera nk’ uwo muvukana mu magorwa.


Ūcuditse na benshi aba yizaniye guhenebera, Ariko har’ umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


Simbivugiye kubagaya; kuko mmaze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, ngo dupfane kandi ngo tubaneho.


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ