Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Mbega ko waje ejo bundi, non’ uyu musi noshobora nte kukwemerera kuyererana natwe hirya no hino, ko ngiye kuja ahampaye uburyo hose? Subira inyuma, ujane na bagenzi bawe, Uhoraho akugirire imbabazi, akubere umwizigirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:20
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Dawidi atuma intumwa ku b’i Yabeshi‐gileyadi, muti Muragahezagirwa n’Uhoraho, kubg’ ico kigongwe mwagiriye Sauli shobuja, mukamufuba!


Nuko rer’ Uhoraho abagirire ikigongwe ababere umwizigirwa; nanje nyene nzobishura ico kigongwe mwāgize, kuko mwāgenjeje murtyo.


Inzira zose z’Uhoraho n’ imbabazi n’ukuri Ku bitondera isezerano ryiwe n’ibishingantahe vyiwe.


Uharūra iminihiro yanje: Ushire amosozi yanje mw icupa ryawe; Mbega ntiyanditswe mu gitabo cawe?


Izotuma iri mw ijuru inkize, Ūshaka kummira ni yantuka. Sela. Imana izotuma imbabazi zayo n’ukuri kwayo.


Bahunahuna hose barondera inyama; Ni batāhāga bakesha ijoro.


Azokwama ar’ imbere y’ Imana ibihe bidashira: Itegure imbabazi n’ukuri, kugira ngo bimuzigame.


Ni ho nzoririmbira izina ryawe ishimwe ibihe bidashira, Ngo nshitse amasezerano yanje uko bukeye.


Imbabazi n’ukuri birahūye, Ukugororoka n’amahoro biragumbiranye.


Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yawe ihagazeko: Imbabazi n’ukuri ni vyo bikwitangira imbere.


Abigenera ikibi mbega ntibaba bazimiye? Arikw abigenera iciza, imbabazi n’ukuri bizobazako.


Ubuntu n’ukuri ntibikuveko, Ubipfundike mw izosi ryawe, uvyandike ku gisate, ni co mutima wawe:


Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, zari nk’ amajana atandatu, bava i Keyila, bagenda bayerēra hirya no hino. Hanyuma babarira Sauli ko Dawidi yahunze akava i Keyila; aca asigaho ntiyaja gutera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ