18 Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.
Uko ni k’umwami yavuyeyo, abantu bose bamukondoreye inyuma; bashitse ku nzu y’imperēra batebaganiraho.
Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.
Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;
Nukw ingabo za Yowabu n’ Abakereti n’Abapeleti n’abahizi bose bakurikira Abishayi; bava i Yerusalemu baja guhīga Sheba mwene Bikuri.
Nukw iyo sandugu y’Uhoraho Dawidi ntiyakunda kuyijana i we ku murwa wiwe, arikw ayikebereza kwa Obed‐edomu w’Umunyegati;
Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abakuru b’igihugu.
Nuko Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti bamanukana Salomo, bamushize ku nyumbu y’ umwami Dawidi, bamujana i Gihoni.
Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abajenama bakuru b’umwami.
Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, zari nk’ amajana atandatu, bava i Keyila, bagenda bayerēra hirya no hino. Hanyuma babarira Sauli ko Dawidi yahunze akava i Keyila; aca asigaho ntiyaja gutera.
Nuko Dawidi abarira abantu biwe, at’ Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe. Nuk’ umuntu wese ahagatira inkota, na Dawidi na we ahagatira iyiwe; nukw abantu nk’ amajana ane badūgana na Dawidi, abagiye imbere; arikw abandi amajana abiri basigara ku bintu.
Nuko Dawidi n’izo ngabo ziwe baba i Gati kwa Akishi, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; Dawidi na we yari kumwe n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili w’i Karumeli, yahora ari muka Nabali.
Maze babariye Sauli ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyasubira kumurondera ukundi.
Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,
Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.
Nuko Dawidi aragenda, bo na za ngabo zari kumwe na we ukw ar’ amajana atandatu; bashitse ku mugezi Besori, abāri basigaye inyuma bagumaho.