15 Maz’ abantu b’umwami baramwishura, bati Mwami wacu nyen’ ingoma, abasavyi bawe twiteguye gukora ic’ ugomba cose.
Maze Dawidi abarira abantu biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu, ati Ni muve hasi duhunge; kuko tudahunze ata n’umwe muri twebge yomukira; ni mwihute tugende, ntace aduhamvya akadukorera ibara, umurwa akawuririkisha inkota.
Nuk’ umwami avanayo n’abo mu rugo rwiwe bose bamukondoreye inyuma; arikw asigay’ icumi bo mu ncoreke ziwe yagize abagore, ngo bazigame urugo.
Maze Ziba yishura umwami, at’ Ivy’ umbariye vyose, jewe umusavyi wawe, ni ko nzobigenza, mwami wanje nyen’ ingoma. Nuko Mefibosheti yama arīra ku meza y’ umwami nk’uwo mu bana b’ umwami.
Ūcuditse na benshi aba yizaniye guhenebera, Ariko har’ umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we.
Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.
Ūmutwaje ibirwanishwa aramwishura, ati Kora ico wiyumvira cose: hogiyo, turajana ah’ ugomba kuja hose.