Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ igihe Abusalomu yarikw aratanga ibimazi, atuma guhamagaza Ahitofeli w’i Gilo, umujanama wa Dawidi; ava mu gisagara c’i wabo i Gilo. Nukw inama y’ubugarariji irakomera, kukw abantu bāgenda bagwirirana kuri Abusalomu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:12
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.


Nuko Abusalomu n’Abisirayeli bose bashika i Yerusalemu, na Ahitofeli ari kumwe na we.


Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago.


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


na Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, na Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni;


Bashinga umusi wo kwisonzesha, bashira Naboti imbere y’abantu;


Yandika mur’ ivyo vyete, aravuga, ati Ni mushinge umusi wo kwisonzesha, mushire Naboti imbere y’abantu;


Ahitofeli ni we yar’ umujanama w’umwami; Hushayi Umwaruki yar’ umukunzi w’ umwami;


Ariko weho, Uhoraho, ungirire ikigongwe, umvyutse, Kugira ngo mbīhōre.


Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Balamu abarira Balaki, ati Nyubakishiriza hano ibicaniro ndwi, unzanire aha nyene amamasa ndwi n’amasuguru y’ intama ndwi.


Nukw amujana mu gahinga k’i Sofimu, amushikana ku gatwe ka Pisiga, ahubaka ibicaniro ndwi, atangira kuri kimwe‐kimwe imasa n’isuguru y’intama.


Nuko Balaki abigenza nk’uko Balamu amubariye, atangira ku gicaniro cose imasa n’isuguru.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.


na Gosheni na Holoni na Gilo; vyar’ ibisagara cumi na kimwe bifise imihana ibikūkira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ