Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 15:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 15:10
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.


Ni kwo kubarira abantu biwe, ati Wa murima wa Yowabu wa sayiri, ubangikanye n’uwanje, mugende muwuturire. Nukw abantu ba Abusalomu baragenda barawuturira.


Umwami aramwishura, ati Nuko genda amahoro. Nukw arahaguruka aja i Heburoni.


Kandi Abusalomu na we, uwo twari twimikishije amavuta ngw atuganze, yaguye mu ntambara. None rero ko mutavuga ivyo kugarukana umwami?


Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni.


Kandi Dawidi igihe yamaze i Heburoni ar’ umwami w’umuryango w’ Abayuda, n’imyaka ndwi n’amezi atandatu.


Yamaze imyaka ndwi n’amezi atandatu i Heburoni, aganza Abayuda; i Yerusalemu na ho ahamara imyaka mirongwitatu n’itatu, aganza bose Abisirayeli n’Abayuda.


Maze Natani abaza Batisheba nyina wa Salomo, at’ Ubgo ntiwumvise ko Adoniya umwana wa Hagita yiyimitse, kandi databuja Dawidi ata co azi?


maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!


Baca babaduka n’ingoga, umuntu wese yikiza umutamana wiwe, bayishira musi y’ibirenge vyiwe, ah’ ahagaze hejuru ku ngazi y’amabuye; bavuza inzamba, bati Yehu ni we mwami!


Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuko Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’ Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavugiye muri Samweli.


Iki ni co gitigiri c’imice y’ingabo zaje gushengerera Dawidi i Heburoni zitwaje ibirwanishwa, ngo zimusubize ku ngoma ya Sauli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.


Abo banyentambara bose, abantu bazi gutondesha urugamba, ni bo baje i Heburoni bahūje imitima, bazanywe no kwimika Dawidi ngw abe umwami w’Abisirayeli bose; mbere n’abandi Bisirayeli bose bāri bahūje imitima ngo bimike Dawidi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ