8 Umwami abgira uwo mugore, ati Genda, ni witahire; ivyawe ndabitunganya.
Non’ abaryango bose bankūriye hasi, jewe incoreke yawe, ngo ni ntange uwishe mugenzi we, kugira ngo bamuhōre uwo yishe; bakagomba kwica n’uwotoye umwandu; uko ni ko bagira bazimye agakara nari nsigaranye, ngo ntibasigarize umugabo wanje izina cank’ imbuto kw isi.
Uwo mugore w’i Tekowa yishura umwami, at’ Abe ari jewe bizosubira ku mutwe, n’inzu ya data, mwami wanje nyen’ ingoma, ntibize bikujeko cank’ ingoma yawe, mugenzi.
Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.
Nari se w’abakene, Natondanuza urubanza rw’ uwo ntazi.
Ūwishura atarumva Bimubera ubupfu n’agatētereza.