5 Umwami aramubaza, at’ Ubaye iki? Aramwishura, ati Yō! Erega nd’ umupfakazi, umugabo wanje yarapfuye.
Imana yumva ijwi ry’uwo muhungu; maz’ umumarayika w’ Imana ari mw ijuru, ahamagara Hagari, aramubaza, at’ Ubaye iki ga Hagari? Nta co utinya! kukw Imana yumvise ijwi ry’uwo muhungu ah’aryamye.
Tamari aca ava hasi, arīgīra, yiyambura wa mwitwikiro, yambara imyambaro yiwe y’ubupfakazi.
Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi.
Kandi jewe incoreke yawe nari mfise abana b’ abahungu babiri; bukeye basindira ku gahinga, batagira ūbabanguranya; nuk’ umwe akubita uwundi, agwa bukumbi.